Abantu bashika kuri 39 barapfuye inyuma y’aho ubwato buto bwari butwaye abimukira burohamye mu kiyaga c’ibahari Atlantique, hafi y’igihugu ca Senegal. Umuntu umwe ni we yashoboye gukizwa, mu gihe ibikorwa vyo kurondera abandi vyari bikibandanya.
Iyi mpanuka yabereye hafi y’igisagara ca Kébémer, mu buraruko bushira uburengero bwa Senegal, hagati y’igisagara ca Dakar n’ica Saint-Louis. Ubwo bwato bwari bwavuye i Saint-Louis, bwerekeza ku nkengera za Espagne, nk’uko amakuru yatangajwe n’inzego zibijejwe abivuga.
Amakuru y’ibanze yatangajwe na Minisiteri y’Umutekano wo mu Gihugu ya Senegal ku wa 8 Munyonyo 2026, yerekana ko abantu 21 bari bamaze kwitaba Imana, hakaba harokotse umuntu umwe. Ariko igitigiri c’abapfuye carabandanije kuduga uko ibikorwa vyo kurondera imibiri vyabandanya, gushika kuri 39 ku wa 9 Munyonyo.
Ibiro vy’igihugu bijejwe amakuru muri Senegal vyamenyesheje ko imibiri y’abandi bantu yongewe kuboneka, mu gihe umubare w’abari muri ubwo bwato utari bwamenyekana neza. Abategetsi bavuze ko ibikorwa vyo kurondera abandi bashobora kuba barazimiye bitarahagarara.
Perezida wa Senegal, Bassirou Diomaye Faye, yatanze ubutumwa bwo kwifatanya n’imiryango yabuze ababo, avuga ko Leta igiye gukomeza kurwanya imigwi itunganya ingendo zitemewe z’abimukira zishira ubuzima bwabo mu kaga.
Yasavye kandi urwaruka rwa Senegal kwirinda gufata ingendo ziteye akaga, ahubwo rugashira imbere kurondera amahirwe yo kwiteza imbere mu gihugu cabo.
Iyi mpanuka yongeye kwerekana ubukomezi bw’ingorane z’abimukira bava muri Afurika yo mu Burengero bagashaka gushika i Buraya banyuze mw’Ibahari Atlantique, berekeza cane cane ku birwa vya Canary biri munsi y’ubutegetsi bwa Espagne.
Iyo nzira iri mu nzira ziteye akaga cane kw’isi, kuko ubwato bwinshi bukoreshwa muri izo ngendo buba buto, butabereye ingendo ndende zo mu kiyaga, kandi akenshi buba butwaye abantu benshi kurusha ubushobozi bwabwo.
Ishirahamwe Walking Borders rivuga ko abantu 635 bapfuye canke baburiwe irengero muri iyo nzira hagati ya Nzero na Rusama 2026.
Imvo zituma urwaruka rwinshi rufata izo ngendo zirimo ubushomeri, ubukene, ukubura akazi n’icipfuzo co kurondera ubuzima bwiza mu bihugu vya Buraya.
Iyi mpanuka isubiye kwibutsa ibihugu vyo muri Afurika n’Uburaya ko ikibazo c’abimukira kidakwiye kwihwezwa gusa biciye mu kugenzura imbibe, ariko ko hakenewe n’ingamba zo kurwanya ubukene, kurema akazi no guha urwaruka amahirwe yo kwiteza imbere mu bihugu vyabo.
