0 2 min 3 weeks

Igihugu ca Iran catangaje ko cishwe abagabo batatu bari baciriwe urubanza rw’urupfu, bagirizwa kugira uruhara mu bikorwa vy’ubwicanyi n’uruhagarara vyabaye mu myiyerekano yo muri Nzero 2026.

Nk’uko ibimenyeshamakuru vyo muri Iran vyabitangaje, abo bagabo bishwe ku wa 8 Munyonyo 2026, inyuma y’uko Sentare Nkuru y’Igihugu yemeje ibihano vy’urupfu bari baciriwe.

Inzego z’ubutungane muri Iran zavuze ko abo bagabo bagirizwa kugira uruhara mu bitero vyagabwe ku nyubakwa za Leta no ku bindi bibanza rusangi mu gisagara ca Karaj, kiri mu burengero bw’umurwa mukuru Tehran.

Abategetsi ba Iran bavuga ko abo bagabo bakoresheje inkoho, gerenade hamwe n’amacupa arimwo igitoro mu bikorwa vy’uruhagarara vyabaye muri ico gihe.

Leta ya Iran kandi yabagiriza gukorana n’ibihugu vy’amahanga, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel, mu bikorwa vyari bigamije guhungabanya umutekano w’igihugu.

Iyo myiyerekano yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2025, irakomera cane muri Nzero 2026. Yatanguye ahanini kubera ingorane z’ubutunzi, iyongerekana ry’ibiciro vy’ibidandazwa hamwe n’ubuzima bwari bugoye ku banyagihugu, mu nyuma ihinduka imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bw’ico gihugu.

Mu gihe ubutegetsi bwa Iran buvuga ko bamwe mu bitabiriye iyo myiyerekano bagize uruhara mu bikorwa vy’uruhagarara no kwonona ibikorwa remezo, amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yagumye agaragaza amakenga ku kuntu abari mu myiyerekano bafatwa, uko imanza zabo zicibwa hamwe n’ikoreshwa ry’igihano co kwicisha.

Iyicwa ry’abo bagabo batatu ryasubiye gukwegera amakenga n’impaka ku kuntu Iran ifata abantu bagirizwa kugira uruhara mu myiyerekano, hamwe n’ukubahirizwa kw’agateka ka zina muntu muri ico gihugu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *