0 3 min 2 weeks

Abajejwe kugenzura ibibuga vy’indege n’abashikirizamanza bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bagarutsweko cane mu makuru yo mu mpera z’ino ndwi, inyuma y’isanganya ry’indege zibiri zagonganiye hasi muri Leta ya Florida hamwe n’urubanza rukomeye rwaciwe muri Leta ya Louisiana.

Muri Florida, abajejwe kugenzura ibibuga vy’indege ku rwego rw’igihugu batanguye amatohoza inyuma y’aho indege zibiri zigonganiye mu nzira zicamwo ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Miami mw’ijoro ryo ku wa Gatandatu, igenekerezo rya 14 Munyonyo.
Iryo sanganya ryabaye nk’isaha zitatu n’iminota cumi n’itanu z’ijoro (9:15 p.m.), aho indege ya Copa Airlines yo mu bwoko bwa Boeing 737 yariko iragenda hasi yakubise ku zuru ry’indege itwara imizigo ya UPS yo mu bwoko bwa Boeing 767 yari ihagaze.
Amajwi y’abacungera ibibuga vy’indege yerekanye ko abari batwaye indege ya UPS bemeye ko barenze aho bari bahawe uruhusha rwo guhagarara imbere y’uko iryo sanganya riba.
Abatabazi bavuriye aho nyene abantu babiri bakomeretse buhoro, mu gihe ibikorwa vyo ku kibuga vyaciye bibandanya neza biciye mu zindi nzira z’indege. Iryo sanganya ryabaye ku musozo w’umusi wari ugoye mu bijanye n’ingendo z’indege muri Amerika, inyuma y’ihagarikwa ry’ingendo mu gihugu cose ryatewe n’ikibazo c’ivyuma vy’itumanako vy’ikigo kijejwe indege (FAA).
Muri ico gihe nyene, mu yindi nkuru ikomeye yabereye muri Leta ya Louisiana, uwahoze ari umupolisi n’umuzimya-muriro i New Roads w’imyaka 31, Kedreyon K. Williams, yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose incuro zitatu zikurikirana, hamwe no guterwa imiti imwaka ubushobozi bwo gukora imibonano mpuzabitsina nk’uko vyategetswe na sentare.
Ico gihano gikurikira ukwagirwa n’ivyaha vyo gufata ku nguvu ku rwego rwa mbere, inyifato itabereye ku bana bato, hamwe no gutunga amasanamu y’ibiterasoni akoreshwamwo abana bari hagati y’imyaka 8 na 11.
Mu gihe c’urubanza, umucamanza Kevin Kimball yavuze ko ivyo vyaha ari vyo bibi cane kurusha ibindi vyose yigeze gucira imanza, mu gihe umushikirizamanza mukuru Tony Clayton yashimangiye ko iryo tegeko ryo kumwaka ubushobozi bw’imibonano mpuzabitsina rikingira kibano ubutagisubira inyuma.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *